[1] Nuko rero, bavukanyi nkunda mporanira igishika, muri umunezero wanje n'igitsibo nambaye, abo nkunda, muhagarare mushikamye muri mu Mwami wacu.
[2] Ndahanura Ewodiya, ndahanura na Sintike, ngo bahurize imitima mu Mwami wacu.
[3] Kandi nawe dufatanije igikorwa vy'ukuri, ndakwinginga ngo wame ufasha abo bagore, kuko twarwaniye ubutumwa bwiza hamwe turi kumwe na Kilementi n'abandi bafatanije nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c'ubugingo.
[4] Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; nongeye kubivuga; ni munezerwe.
[5] Ubugwaneza bwanyu bumenywe n'abantu bose; Umwami wacu ari hafi.
[6] Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.
[7] Maze amahoro y'Imana aruta uko yomenywa n'umuntu wese, azorinda imitima yanyu n'ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.
[8] Ibisigaye bavukanyi, ivyo ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba hariho ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, mube ari vyo mwiyumvira.
[9] Ivyo mwize, ivyo mwakiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, mube ari vyo mukora; ni ho Imana nyene amahoro izobana namwe.
[10] Ariko ndanezererewe cane mu Mwami wacu kuko ubu mwahavuye mukongera kubabara ivyanje. Kandi mwaranabibabara, ariko mukabura uburyo.
[11] Sindabivuze kubwo ubukene, kuko nize kubumbwa n'ivyo mfise uko ndi kose.
[12] Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose natiwe ibanga ryo mu vyo guhaga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena.
[13] Nshobozwa vyose n'uwumpa inkomezi.
[14] Ariko mwagize neza, kuko mwafatanije nanje amarushwa.
[15] Kandi yemwe Bafilipi, namwe ni ico muzi yuko kw'itanguriro ry'ubutumwa bwiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabwa, atari mwebwe mwenyene.
[16] Kuko n'i Tesalonike na ho mwandungikiyeyo ivyo kumara ubukene si rimwe ni kabiri kose.
[17] Si uko ndondera ingabire, ariko ndondera imbuto zigwiririkanya amaronko yanyu.
[18] Ariko ndafise ibinkwiye vyose, ndafise umurengera. Ndahaze, kuko mpawe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ari umubabwe umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.
[19] Kandi Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose, nk'uko itunga ry'ubwiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu.
[20] Nuko icubahiro kibe ico Imana yacu, ni yo Data wa twese, ibihe bitazoshira. Amina.
[21] Muntahirize abera bose bo muri Kristo Yesu. Bavukanyi turi kumwe barabatasha.
[22] Abera bose barabatasha, canecane abo mu rugo kwa Kayisari.
[23] Ubuntu bw'Umwami Yesu Kristo bubane n'imitima yanyu.