[1] Ibisigaye bavukanyi banje, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira bene ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.
[2] Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z'ibibi, mwirinde bamwe bikebagura.
[3] Kuko tweho turi abahimbuwe igikoba c'ubugabo, dusenga Imana mu buryo bwa Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivyo umubiri;
[4] naho jewe nokwishimiye ivyo umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivyo umubiri, nomurusha.
[5] Nahimbuwe igikoba c'ubugabo ku musi ugira umunani, ndi uwo mu bwoko bwa Isirayeli, ndi uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo ndi Umuheburayo. Ku vyo gushimikira ivyagezwe, ndi Umufarisayo;
[6] ku vyo ishaka nahama ishengero; ku vyo ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe nta wobonye ico angaya.
[7] Ariko ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira ko ari ubuhombe kubwa Kristo.
[8] Eka mbere n'ibintu vyose ndavyiyumvira ko ari ubuhombe, kubwo ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubwo uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira ko ari ishano, kugira ngo ndonke Kristo,
[9] kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabwa uwizeye,
[10] ngo ndamumenye, menye n'ubushobozi bw'ukuzuka kwiwe, n'ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n'urupfu rwiwe,
[11] ngo kumbure nshike ku kuzuka kw'abapfuye.
[12] Si ukugira ngo mpejeje kubihabwa, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubwanje mfatwa na Kristo Yesu.
[13] Bavukanyi, jeho kubwanje sinibwira yuko maze kugifata, ariko ico nkora ni iki kimwe gusa, nibagira ibiri inyuma, kandi nihutira ibiri imbere,
[14] ndakovya gushika aho dutanguranirwa, ku mpera y'umuhamagaro w'Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw'ijuru.
[15] Nuko abatunganijwe uko tungana twiyumvire dutyo; kandi namba hari ico mwiyumvira ukundi, Imana izokibahishurira na co.
[16] Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, tube ari kwo tugenderamwo.
[17] Bavukanyi, munyigane, mwitegereze abagenda batwigana, nk'uko mudufiseko akarorero.
[18] Kuko benshi bagenda ukundi, abo nababwiye kenshi, n'ubu ndabababwira ndira, yuko ari abansi b'umusaraba wa Kristo.
[19] Iherezo ryabo ni uguhona, imana yabo ni inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivyo isi ni vyo bababaye.
[20] Tweho i wacu ni mw'ijuru, ni ho twiteze Umukiza ko azova, ni we Mwami Yesu Kristo,
[21] azohindura imibiri y'amagorwa yacu, ishushanywe n'umubiri w'ubwiza bwiwe, nk'uko afise ubushobozi bumubashisha kwigarurira vyose.