[1] Nuko namba hari ukuremeshwa muri Kristo, namba hari ukwirurwa kuva mu rukundo, namba hari ugusangira Mpwemu, namba hari imbabazi n'ikigongwe,
[2] mwuzuze umunezero wanje mwiyumvira kumwe, musangiye urukundo rumwe, muhuje umutima n'inama.
[3] Ntimugire ico mukora kubwo gukebana canke ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko uwundi amuruta,
[4] kandi umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n'ivyo abandi.
[5] Mugire wa mutima muri mwebwe wari muri Kristo Yesu.
[6] Uwo, naho yari asanganywe ishusho y'Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n'Imana ari ikintu co kwumirako.
[7] Ariko yisiga ubusa, yakira ishusho y'umushumba, acika uwusa n'abantu.
[8] Kandi abonetse afise ishusho nk'iyo umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka no gushitsa ku rupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
[9] Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose.
[10] Kugira ngo amavi yose azopfukame mw'izina rya Yesu, ayo ivyo mw'ijuru, ayo ivyo kw'isi n'ayo ivyo i kuzimu.
[11] Kandi indimi zose zizokwature yuko Yesu Kristo ari Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.
[12] Nuko rero abo nkunda, nk'uko mwamye muganduka mube ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara si iyo ndiho gusa, ariko n'ubu nyene naho ntari iyo ni murushirize kugenza gutyo.
[13] Kuko Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.
[14] Mukore vyose ata kwidodomba, ata guharira,
[15] kugira ngo ntimugire umugayo canke akarohe. Mube abana b'Imana batagira agasembwa, hagati y'abo iki gihe bagoramye ibi vy'uburyo bwose, banduye mukababonekamwo mumeze nk'amatara yakira mw'isi,
[16] mwerekana ijambo ry'ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntaruhijwe n'ubusa.
[17] Ariko asangwa nkwiye gutangwa ko ikimazi kubwo ukwizera kwanyu no kubwo igikorwa cakwo, ndanezerwa, nezeranwa namwe mwese.
[18] Namwe mube ari ko munezerwa, munezeranwe nanje.
[19] Ariko nizigijwe n'Umwami Yesu yuko nzobatumako Timoteyo vuba, kugira ngo nanje nzoshire umutima hamwe, ni namenya ivyanyu.
[20] Simfise uwundi ari n'umutima nk'uwo uwo, yobabara ivyanyu vy'ukuri.
[21] Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.
[22] Ariko murazi ingene uwo twagoranywe nka kurya umwana agoranwa na se, ariko twakoranye igikorwa co gukwiza ubutumwa bwiza.
[23] Nuko uwo ni we nizigiye yuko ari we nzoca ndabatumako, aho nzomenyera ibizombako.
[24] Ariko nizigijwe cane n'Umwami wacu yuko nanje nyene nzoza vuba.
[25] Kandi ndabonye yuko bikwiye kubatumako Epafurodito, muvukanyi dufatanije igikorwa n'intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkenye;
[26] kuko abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n'uko mwumvise yuko yari arwaye.
[27] Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera. Ariko Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ngo umubabaro wanje ntiwongerekane.
[28] Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muzonezerwe, nanje nduhuke umubabaro.
[29] Nuko mumwakirane umunezero mwinshi kubwo Umwami wacu; kandi abameze nk'uwo mwame mububaha;
[30] kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubwo igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, amfasha ivyo mutari mwaheraheje kumfasha.