Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:02

[1] Pahulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n'uko Imana yabigomvye, na Timoteyo umuvukanyi,

[2] turabandikiye bavukanyi bo muri Kristo bera b'abizigirwa, muri i Kolosayi. Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese bibabemwo.

[3] Dushima Imana Se w'Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasiba,

[4] kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu, n'urukundo mufitiye abera bose,

[5] kubwo ivyizigirwa mwabikiwe mw'ijuru, ivyo mwumvise kera, mw'ijambo ry'ukuri kw'ubutumwa bwiza,

[6] bwabashitseko, nk'uko buri mw'isi yose bwama imbuto bugwira, kandi no muri mwebwe bugenza butyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bw'Imana vy'ukuri,

[7] nk'uko mwigishijwe n'uwo dukunda Epafura, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu,

[8] kandi ni we yatumenyesheje urukundo rwanyu muhabwa na Mpwemu.

[9] Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivyo igomba n'ubwenge bwose no kumenya ivyo impwemu.

[10] Kugira ngo mugende nk'uko bibereye abo Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,

[11] mushobozwa n'ubushobozi bwose, nk'uko inkomezi z'ubwiza bwayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.

[12] Mushime Data wa twese yabashoboje kuraganwa n'abera umugabane wo mu muco;

[13] yadukijije ububasha bw'umwiza, atwimurira mu bwami bw' Umwana wiwe akunda.

[14] Muri uwo ni ho dufise ugucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu.

[15] Ni we shusho y'Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose,

[16] kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw'ijuru n'ivyo mw'isi, ibiboneka n'ibitaboneka, uri intebe z'icubahiro, uri ubwami, uri ubukuru, uri ububasha; vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.

[17] We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we vyose ni ho bifataniye.

[18] Ni we mutwe w'umubiri, ni wo shengero, kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngo abe agaheta muri vyose.

[19] Kuko Imana yahimbawe no kumuvyagizamwo ukwuzura kwayo kwose.

[20] Yahimbawe kandi no kumuha kwuzuza vyose na yo, ari ivyo mw'isi, ari ivyo mw'ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.

[21] Namwe abari baratandukanijwe n'Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n'ivyo mwakoze bibi.

[22] None ubu yarabujuje na yo abuzurije mu mubiri wiwe w'umuntu kubwo urupfu yapfuye, ngo abashikane imbere yayo muri abera, mudafise agasembwa, mutagira ico mwogawa;

[23] asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n'ubutumwa mwumvise, bwavuzwe mu baremwe bose bo musi y'ijuru, ubwo jewe Pahulo nacikiye umukozi wabwo.

[24] None nezererewe amagorwa yanje yo kubwanyu, kandi ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubwo umubiri wiwe, ni wo shengero,

[25] iryo nacikiye umukozi, nk'uko nahawe n'Imana ububwiriza bwo kugaburira mwebwe, kugira ngo nkwize ijambo ry'Imana rishitse,

[26] ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n'ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo,

[27] abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry'ubwiza bw'iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vyo kuzoronka ubwiza.

[28] Natwe ni we twamamaza, duhanura umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubwenge bwose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahinguriwe muri Kristo;

[29] ico ni co kintamisha, ndabirwanira nk'uko ubushobozi bwiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.

Abo I Kolosayi — Chapters