Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:36

[1] Bavukanyi, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w'ubwiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.

[2] Mw'ishengero ryanyu ni hinjiramwo umuntu yambaye impeta y'izahabu n'impuzu zishajije, hakinjira n'umworo yambaye impuzu mbi y'ubuhoma,

[3] namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira muti: Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo muti: Weho hagarara hariya, canke icara hambavu y'ibirenge vyanje;

[4] none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?

[5] Ni mwumve, bavukanyi nkunda. Mbega Imana ntiyatoranirije aboro b'ivyo isi ngo babe abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubwami yasezeraniye abayikunda?

[6] Ariko mweho mwatetereje umworo. None abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?

[7] Si bo batyoza izina ryiza mwitirirwa?

[8] Mugabo namba mushitsa icagezwe c'i bwami nk'uko canditswe, ngo Mukunde ababanyi banyu nk'uko mwikunda, muba mugize neza.

[9] Ariko iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n'ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro.

[10] Kuko umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.

[11] Uwavuze ati: Ntugasambane, ni we yavuze ati: Ntukice. Nuko rero niyo utasambana ariko ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe.

[12] Muvuge kandi mukore nk'abagira bacirwe urubanza n'ivyagezwe bizana umwidegemvyo.

[13] Kuko urubanza rutagirira akagongwe uwutagize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.

[14] Vyomara iki ga bavukanyi, namba umuntu avuga yuko afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbega ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?

[15] Ni haba hariho uwo muvukana ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya,

[16] maze umwe muri mwebwe akamubwira ati: Genda amahoro, ususuruke, uhage; ariko ntimumuhe ivyo umubiri ukena, vyomara iki?

[17] Ni ko bimeze, n'ukwizera kutari n'ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.

[18] Nk'umuntu yovuga ati: Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n'ibikorwa vyanje.

[19] Wemera yuko Imana ari imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.

[20] Ariko wa muntu w'imburakimazi we, mbega ugomba kumenya ingene ukwizera kutagira ibikorwa ari uko ubusa?

[21] Aburahamu sogokuruza, mbega ntiyahinduwe umwere n'ibikorwa, hamwe yari atanze umwana wiwe Isaka ko ishikanwa amutanze ku gicaniro?

[22] Ntubona yuko ukwizera kwafatanije n'ibikorwa vyiwe, kandi ko ukwizera kwahinguwe rwose n'ibikorwa?

[23] Kandi icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharurako nk'ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w' Imana.

[24] Murabona yuko ibikorwa ari vyo bihindura umuntu intungane, atari ukwizera kwonyene.

[25] Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye. Mbega ntiyahinduwe umwere n'ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indaro, akazirangira iyindi nzira?

[26] Nk'uko umubiri utarimwo impwemu uba upfuye, ni ko ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.

Yakobo — Chapters