Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:41

[1] Bavukanyi, muri mwebwe ntihakabe benshi barondera kuba abigisha. Murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta izo abandi.

[2] Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vyo avuga, aba ari umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.

[3] Iyo twambitse iminyororo mu minwa y'ifarasi, kugira ngo zidukurikire, duhindukiza n'imibiri yazo zose.

[4] Kandi raba, n'amato naho yoba maninimanini ate, agakubebwa n'umuyaga uhuhuta cane, ingafe naho ari ntonto cane ni zo ziyerekeza aho abayatumbereza bagomba.

[5] N'ururimi ni ko ruri. Ni urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Raba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n'akariro gake.

[6] Ururimi ni umuriro, ni ikibi kingana n'isi. Ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.

[7] Kuko amoko yose y'ibikoko n'ibiguruka n'ivyikwega n'ivyo mu kiyaga bigundwa n'abantu, kandi barabigunze;

[8] ariko, ururimi nta muntu yoshobora kurugunda. Ni ububi bucambagirana, rwuzuye ubumara bwica.

[9] Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, baremwe mw'ishusho y'Imana.

[10] Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n'umuvumo. Bavukanyi, ivyo ntibikwiye kumera bityo.

[11] Mbega iriba ryodudubiza amazi aryoshe n'ayo umururazi mu mbizi imwe?

[12] Bavukanyi, Mbega umusukoni woshobora kwama elayo, canke umuzabibu wokwama insukoni? Ni ko amazi y'umunyu adashobora kuvamwo ayaryoshe.

[13] Ni nde muri mwebwe w'umunyabwenge kandi w'umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n'ubwenge.

[14] Ariko namba mugira ishari ry'inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, ntimwirate, mubesha, mucumura ku kuri.

[15] Ubwo bwenge si bwo bwururuka buvuye mw'ijuru, ariko ubwo isi, ubwo abantu n'ubwo abadayimoni.

[16] Kuko aho ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n'igikorwa kibi cose.

[17] Ariko ubwenge buva mw'ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n'ubwo amahoro, burengenga, bukunda kugirwa inama, bwuzuye imbabazi n'imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.

[18] Kandi imbuto zo kugororoka zibibwa mu mahoro n'ababanguranya.

Yakobo — Chapters