Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:42

[1] Muri mwebwe intambara ziva hehe, n'imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?

[2] Murifuza, ariko ntimuhabwa. Murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabwa kuko mudasaba.

[3] Murasaba ntimuhabwe, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.

[4] Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n'isi ari ukwankana n'Imana? Nuko umuntu wese agomba kuba incuti y'isi aba yigize umwansi w'Imana.

[5] Canke mwiyumvira yuko ivyanditswe bivugira ubusa, ngo Uwo Mpwemu yatugerereyemwo atwiyegereza afuha?

[6] Ariko itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga iti: Imana irwanya abibona, ariko abicisha bugufi ibaha ubuntu.

[7] Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa mugarariji, na we azobahunga.

[8] Mwiyegereze Imana, na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe; yemwe abo imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.

[9] Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.

[10] Mwicishe bugufi imbere y'Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.

[11] Bavukanyi, ntimuvuganane nabi. Uwuvuga nabi umuvukanyi, canke uwuhinyurira umuvukanyi ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Ariko iyo uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.

[12] Uwushinga ivyagezwe, ari we mucamanza, ni Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonya. Ariko wewe uri iki, uhinyura mugenzawe?

[13] Umve rero, yemwe abavuga ngo uwu musi canke ejo tuzoja mu gisagara c'i naka, tuzomarayo umwaka, tudandaze, turonke inyungu;

[14] ariko mutazi ibizoba ejo. Ubuzima bwanyu ni nk'iki? muri umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.

[15] Ariko mwari mukwiye kuvuga muti: Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora dutya canke dutya.

[16] Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu; ukwirata kwose bene ukwo ni kubi.

[17] Nuko uwuzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.

Yakobo — Chapters