[1] None rero asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bw'Imana.
[2] Mushire imitima ku vyo mw'ijuru, ntimuyishire ku biri mw'isi.
[3] Kuko mwapfuye, kandi ubugingo bwanyu bukaba buhishanijwe hamwe na Kristo mu Mana.
[4] Kristo, ni we bugingo bwacu, ni yerekanwa, namwe muzoca mwerekanwa muri kumwe mu bwiza bwiwe.
[5] Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw'isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw'umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivyo abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;
[6] ivyo ni vyo bizanira ishavu ry'Imana abantu b'intabarirwa.
[7] Namwe mwabigenderamwo kera, hamwe mwaba muri vyo.
[8] Ariko noneho mwiyambure n'ibi vyose: ishavu, kujingitwa, urwanko rw'ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.
[9] Ntimukabeshane, kuko mwiyambuye umuntu wa kera n'ibikorwa vyiwe,
[10] mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngo agire ubwenge, amere nk'ishusho y'Iyamuremye.
[11] Aho ntihaba Umugiriki canke Umuyuda, uwahimbuwe igikoba c'ubugabo canke uwutahimbuwe igikoba c'ubugabo, uwuvuga indimi zidatahurika canke umunyarufuri, umugurano canke uwidegemvya; ariko Kristo ni vyose, kandi ari muri bose.
[12] Nuko rero, nk'uko bibereye abatoranijwe n'Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w'ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza n'ukwihangana,
[13] mwihanganirana, muharirana, iyo umuntu agize ico apfa n'uwundi. Nk'uko Umwami wacu yabahariye, namwe mube ari ko muharirana.
[14] Ikigeretse kuri ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana.
[15] Kandi amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu, ayo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe. Kandi mube abama bakenguruka.
[16] Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, ririmwo ubwenge bwose. Mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n'indirimbo n'amatazirano y'ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n'ubuntu bwayo.
[17] Kandi ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw'izina ry'Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubwo uwo.
[18] Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk'uko bibereye abari mu Mwami wacu.
[19] Bagabo, mukunde abagore banyu, ntimubabere umururazi.
[20] Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo ari vyo bishimwa mu Mwami wacu.
[21] Ba se, ntimukaratse abana banyu, ngo ntibacike ivutu.
[22] Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atari iyo babahagarikiye gusa, nk'abanezereza abantu, ariko mubakorere mushize ubwira mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.
[23] Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk'abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk'abakorera abantu,
[24] muzi yuko muzohabwa impera na Shobuja mukuru, ni yo wa mugabane. Shobuja uwo Kristo ni we mukorera.
[25] Kuko uwugabitanya azokwihorwa nk'uko yagabitanije. Kandi nta kurobanura ku butoni.