[1] Ndagomba ko mumenya ukuntu ndabarwanira intambara, mwe n'abo i Lawodikiya n'abatarankubita ijisho bose uko bangana;
[2] kugira ngo imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabwe itunga ryose ry'ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry'Imana, ni ryo Kristo.
[3] Muri we ni ho itunga ryose ry'ubwenge n'ukumenya ryahishijwe.
[4] Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire uwubahendagirisha akarimi gasosa.
[5] Kuko naho ntari kumwe namwe ku mubiri, ndi kumwe namwe ku mutima, nezerewe kandi mbona ugushira hamwe kwanyu kwiza, n'ugushikama mu kwizera Kristo kwanyu.
[6] Nuko nk'uko mwakiriye Kristo Yesu Umwami wacu, mube ari ko mugendera muri we,
[7] mumushinzemwo imizi, mumwubakwamwo, mushikamishijwe n'ukwizera nk'uko mwigishijwe, murushiriza gushima.
[8] Mwirinde, ntihakagire uwubagira imbohe, abanyagishije ubwenge bw'abantu ari ibihendo vy'ubusa, bikurikira akaronda k'imigenzo y'abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw'isi, bidakurikira Kristo.
[9] Kuko muri we ari ho haba ukwuzura kwose kw'Ubumana mu buryo bw'umubiri.
[10] Kandi mwuzurizwa no kumubamwo, ni we mutwe w'ubukuru bwose n'ububasha bwose.
[11] Kandi muri we mwahimbuwe igikoba c'ubugabo kutari uko intoke, hamwe mwiyambura akameremere k'umubiri, ni kwo guhimburwa kwo muri Kristo;
[12] kuko mwahambanywe na we mw'ibatizwa, ni ho kandi mwazuranywe na we, kubwo kwizera ubushobozi bw' Imana yamuzuye mu bapfuye.
[13] Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n'ibicumuro vyanyu n'ukudahimburwa igikoba c'ubugabo kw'imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose,
[14] ihanaguye n'ikete itwagiriza, irimwo amabwirizwa yaduhama, iyikura hagati yacu na yo, iyibamba ku musaraba.
[15] Kandi yambuye abakuru n'abafise ububasha, ibateterereza mu maso ya bose, ibashorera bafashwe mpiri kubwo uwo musaraba.
[16] Nuko ntihakagire uwubahinyura ku biribwa, mu vyo imisi mikuru, mu vyo ukwezi kubonetse canke mu vyo isabato.
[17] Ivyo vyari igitutu c'ivyari birariye kuzoza, ariko umutumba ubwawo ni uwa Kristo.
[18] Ntihakagire umuntu abagunga impera yanyu, nk'uko yigombera ubwiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n'ubwenge bw'akameremere kiwe,
[19] kandi atifatanya na wa Mutwe, kuri wo umubiri wawo wose, ufashijwe n'ingingo n'imitsi, ugateranywa neza na vyo, ni ho uronka gukura kwawo gutangwa n'Imana.
[20] Asangwa mwarapfanye na Kristo, mukareka ivya mbere vy'isi, Ni igiki gituma mwemera kuganzwa na ya mabwirizwa, nk'abazokwama bari kw'isi—
[21] ngo, Ntugafateko, ntugatamireko, ntugakoreko;
[22] kandi ivyo vyose biba biheze iyo biriwe—mukumvira ivyagezwe n'abantu n'inyigisho zabo?
[23] Ayo mabwirizwa koko afise ishusho y'ubwenge, kuko abwiriza gusenga nk'uko abantu biraritse, no kwicisha bugufi, no kwibabaza umubiri, ariko ntagira ishikanwa ryo kubuza ukwifuza kw'akameremere k'umuntu.