Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:58

[1] Ndakwihanikiririza mu maso y'Imana no mu ya Kristo Yesu azocira urubanza abazoba bariho n'abazoba bapfuye, kandi no kubwo kuzoboneka kwiwe n'ubwami bwiwe.

[2] Uvuge ijambo ry'Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.

[3] Kuko igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kuko amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n'ukwifuza kwabo,

[4] kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y'ibinyoma.

[5] Ariko weho, wirinde muri vyose, wihanganire imibabaro, ukore igikorwa c'umuvuzi w'ubutumwa bwiza, ushitse igikorwa c'ibango ryawe.

[6] Kuko jeho n'ubu ndiko ndasukwa nk'ibisukwa ku gicaniro, igihe co kwitahira kwanje kirashitse.

[7] Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.

[8] Ibisigaye mbikiwe igitsibo c'ukugororoka ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi kandi si jewe jenyene nzogihabwa ariko kandi n'abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabwa.

[9] Gira umwete wo kuza aho ndi vuba.

[10] Dema yarantaye, kuko akunze ivyo iyi y'ubu, yigira i Tesalonike. Keresikenti yagiye i Galatiya Tito nawe i Dalumatiya.

[11] Luka gusa ni we twasigaranye. Hitana Mariko, umuzane, kuko angirira ikimazi mu gikorwa c'ibango ryanje.

[12] Ariko Tukiko namurungitse muri Efeso.

[13] Aho uzozira uranzanira impuzu yo kwipfuka nasize i Tirowa kwa Karupo, n'ibitabo, kandi canecane uzozane ivyo insato.

[14] Alekisandero umucuzi yangiriye inabi nyinshi. Umwami wacu azomwishura ibikwiranye n'ivyo yakoze.

[15] Nawe umwirinde kuko yarwanije amajambo yacu cane.

[16] Mw'iburana ryanje rya mbere nta wanyunganiye, ariko bose barantaye; icompa ntibabiharurweko.

[17] Ariko Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ngo ubutumwa ndabuvuge nanje butagabanije, abanyamahanga bose babwumve. Nuko mva mu menyo y'intambwe.

[18] Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngo anjane mu bwami bwiwe bwo mw'ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amina.

[19] Untahirize Purisikila na Akwila n'abo kwa Onesiforo.

[20] Erasito yagumye i Korinto, ariko Tirofimo namusize i Mileto arwaye.

[21] Gira umwete wo kuza agatasi katarashana. Ewubulo, Pudenti, Lino, Kilawudiya n'abavukanyi bose baragutasha.

[22] Umwami abane n'umutima wawe. Ubuntu bw'Imana bubane namwe.

Timoteyo Ya Kabiri — Chapters