[1] Ariko umenye yuko mu misi y'iherezo hazoza ibihe bigoye.
[2] Kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivyo Imana,
[3] badakunda n'ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,
[4] abaguranyi, ibirandamuke, abivyimvya, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.
[5] Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo. Abameze batyo wame ubatera ibitugu.
[6] Kuko muri bo harimwo abagabo banyegetera mu mazu, bagatwara abagore batagira imitima, baremerewe n'ivyaha, batwarwa n'ukwifuza kw'uburyo bwinshi,
[7] bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri.
[8] Nk'uko Yane na Yambure barwanije Mose, ni ko n'abo bagabo barwanya ukuri, abo ni abononekaye ubwenge, babaye ibihombe ku kwizera.
[9] Mugabo ntibazoshobora kurengaho; kuko ubusazi bwabo buzogaragarira abantu bose, nk'uko ubwa ba bandi bwagaragaye.
[10] Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, ingeso, imigabo, ukwizera, ukutarambirwa, urukundo, ukwihangana,
[11] guhamwa n'imibabaro, nk'ivyambereyeko muri Antiyokiya, Ikoniyo n'i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.
[12] Mbere abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.
[13] Ariko abantu babi, bo n'abahumbuzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.
[14] Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuko uzi abakwigishije.
[15] Kandi uzi yuko uhereye mu buto bwawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubwenge bwo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.
[16] Ivyanditswe vyose vyahumetswe n' Imana, kandi bifise akamaro ko kwigisha umuntu, kumuhana, kumutunganya no kumutoza indero nziza mu kugororoka;
[17] kugira ngo umuntu w'Imana abe uwushitse, afise ibimukwiye vyose, ngo akore igikorwa ciza cose.