[1] Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,
[2] kandi ivyo wanyumvanye mu maso y'ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa, bazoshobora kuvyigisha n'abandi.
[3] Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk'uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
[4] Nta musoda yikwegera mu vy'ubu bugingo, ngo azohimbare uwamwandikiye ubusoda.
[5] Kandi iyo umuntu arushanywa, ntahabwa igitsibo, kiretse arushanijwe nk'uko vyagezwe.
[6] Umurimyi kuko ari we yacumukuye ni we akwiye kubanza gusoroma ku vyeze.
[7] Umenye ivyo mvuze, kuko Umwami wacu azoguha ubwenge muri vyose.
[8] Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yakomotse mu ruvyaro rwa Dawidi, nk'uko ubutumwa nahawe buvuga;
[9] ubwo mbabarizwamwo, no kubohwa nkabohwa, nk'inkozi y'ikibi; ariko ijambo ry'Imana ntiriboshwe.
[10] Ni co gituma nihanganira vyose kubwo abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n'ubwiza budashira.
[11] Iri jambo ni iryo kwizerwa, ngo Namba twarapfanye na we, tuzobanaho na we;
[12] namba twihangana, tuzokwimikanwa na we; namba waramwihakanye, na we azotwihakana;
[13] naho tutoba abizigirwa, we ahora ari umwizigirwa, kuko adashobora guhindagurika.
[14] Wame ubibutsa ivyo, ubihanikiririza mu maso y'Imana ntibarwanire amajambo kuko bitagira ikimazi, bigwisha abumva.
[15] Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk'uwamaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw'ijambo ry'ukuri.
[16] Ariko, ibihumanya vy'amajambo y'ubusa ubizibukire, kuko ababivuga bazoshishikara inzira yo kutubaha Imana,
[17] kandi ijambo ryabo rizorandagurana nk'igisebe gishikurana kidakira. Muri abo umwe ni Humenayo na Fileto,
[18] kuko bazimiye bakava mu vy'ukuri, bavuga ngo ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe.
[19] Ariko ibuye ry' umushinge w'Imana wo kwubakako urakomeye, ryanditsweko iki kimenyetso, ngo Uhoraho arazi abiwe; kandi ngo Umuntu wese avuga izina ry' Uhoraho ave mu kugabitanya.
[20] Mu nzu nini y'umutunzi ntihabamwo ibikoresho vy'ivyacuzwe mw'izahabu no mw'ifeza gusa, ariko habamwo n'ivyo ibiti n'ivyo ibumba, kandi bimwe babikoresha ivyo icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni.
[21] Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n'ivyo, azoba igikoreshwa c'icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.
[22] Ariko kwifuza kw'ubusore uguhunge, maze ukurikire ukugororoka, ukwizera, urukundo n'amahoro, ufatanya n'abambaza Umwami wacu n'imitima itanduye.
[23] Ariko ibihari vy'ubupfu n'ivyo ubutungu ntukavyemere, uzi yuko bivyara impari z'ubupfu.
[24] Kandi umushumba w'Umwami wacu ntakwiye gutongana, ariko akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bwo kwigisha, no kwihangana,
[25] no guhanurisha uburwaneza abamuhaririza, ngo kumbure, bishobotse, Imana ibahe kwihana ngo bamenye ivyo ukuri,
[26] bagaruke mu bwitonzi, bave mu mutego wa wa mugarariji yabafashe ngo bakore ivyo agomba.