[1] Ariko hari abigira abavugishwa n'Imana kandi, mu bwoko bw'Abisirayeli, nk'uko no muri mwebwe hazobaho abigisha b'ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona. Bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bihamagarire uguhona gutebutse.
[2] Kandi ingeso zabo z'isoni nke benshi bazozikurikira; kubwo ivyo inzira y'ukuri bazoyitukisha.
[3] Kandi ukunohokera inyungu kwabo kuzobatera kubungukirako, bababwiye amajambo y'amaremano. Ntibateba gutsindwa n'urubanza kwabo uhereye kera, no guhona kwabo ntiguhunyiza.
[4] Kuko, ko Imana itagiriye ikigongwe abamarayika bakoze ivyaha, ariko ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy'umwiza, ngo babikirwe gutsindwa n'urubanza;
[5] kandi ko itagiriye ikigongwe isi ya kera, ariko igakiza Nowa, umwigisha w'ivyo kugororoka, hamwe n'abandi indwi, aho yazana umwuzure kw'isi y'abatayubaha;
[6] kandi ibisagara vy'i Sodomu n'i Gomora, ko yabiciriye urubanza rwo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akarorero k'abazogenda batubaha Imana,
[7] ikarokora Loti, umugororotsi, yababazwa cane n'ingeso z'isoni nke z'abatirinda—
[8] kuko uwo mugororotsi, aho yaba muri bo, yagira akabonge uko bukeye mu mutima wiwe ugororoka kubwo ibikorwa vyabo vy'ubugarariji yabona, akumva;—
[9] Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurindira abagabitanya mu gihano gushitsa ku musi w'imanza,
[10] ariko canecane abagenda bakurikira ivyo akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakurwa kw'ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro,
[11] ariko abamarayika naho barusha abo bantu inkomezi n'ubushobozi, ntibarega abo banyacubahiro ku Mwami Imana, ntibabatuka.
[12] Ariko abo bantu bameze nk'ibikoko bitagira ubwenge, ibikoko bukoko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, uguhonya kwabo kuzobahonya na bo,
[13] bababazwe n'ibibi, ni zo ngero z'ubukozi bw'ibibi bwabo. Bumva ibibahimbara ari ukwirirwa badayangwa, abo ni amarabaga n'agasembwa, badayangishwa n'ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza.
[14] Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahaga ivyaha, bahendahenda imitima idashikamye, bafise imitima yamugariye kunohokera inyungu, ni abana b'ibivume.
[15] Bataye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, umwana wa Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,
[16] ariko aharirwa ubugaba bwiwe, hamwe indogoba itazi kuvuga yavuga ijwi nk'iryo umuntu, ikabuza ibisazi vy'uwo muntu avugishwa n'Imana.
[17] Abo ni amasoko akamye, kandi ni ibipfungu bitwarwa n'igihuhuta, barindirijwe umwiza w'umuzitanya.
[18] Bavuga ibitumvye vy'ubwibone bitagira ico bimaze, bahendahenda abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babahendahendesha ukwifuza kw'umubiri n'isoni nke.
[19] Babasezeranira umwidegemvyo, ariko ubwabo ni abaja b'ibihumanye; kuko icanesheje umuntu kiba kimuhinduye umuja waco.
[20] Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n'Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy'isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.
[21] Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bahawe.
[22] Ivyabashitseko ni ivyo uwu mugani w'ukuri ngo imbwa isubiye ku vyo idashwe; kandi, ngo ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.