Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:19

[1] Abo nkunda, none iki ni co cete ca kabiri ndabandikiye, muri ivyo vyose ndakangura ivyiyumviro vyanyu bitagira agasembwa, ndabibutsa;

[2] kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n'abavugishwa n'Imana bera, mwibuke n'icagezwe c'Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n'abatumwa babatumweko.

[3] Irya mbere mukwiye kumenya ni uko mu misi y'iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,

[4] babaza bati: Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuko uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw'isi.

[5] Kuko biyobagiza ibigirankana yuko kera hari amajuru, n'isi yakuwe mu mazi n'ijambo ry'Imana, rikayirema mu mazi.

[6] Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira.

[7] Ariko amajuru y'ubu, bo n'isi, iryo jambo ryabizigamye ribirorereza umuriro gushitsa ku musi w'imanza, wo gutikira kw'abatubaha Imana.

[8] Ariko abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk'imyaka igihumbi, n'imyaka igihumbi imeze nk'umusi umwe.

[9] Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira ko iritevya. Ariko yihanganira mwebwe, ntigomba ko hagira abahona, ariko igomba ko bose bihana.

[10] Ariko umusi w' Umwami wacu uzoza nk'igisuma, aho amajuru azovaho, hakaba n'ukwasana guhambaye, ivyo itanguriro vyose bigashongeshwa n'ikibengebenge gikaze, isi n'ibikorwa biri muri yo bigatongoka.

[11] None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,

[12] no mu kurereka ukuza kw'umusi w'Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kandi ivyo itanguriro vyose bikayagishwa n'ikibengebenge gikaze?

[13] Ariko nk'uko yasezeranye, tureretse ijuru rishasha n'isi nshasha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.

[14] Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutariko umugayo imbere yiwe.

[15] Mwiyumvire yuko kwihangana kw'Umwami wacu ari agakiza; nk'uko umuvukanyi akundwa Pahulo yabandikiye, uko ubwenge yahawe bungana.

[16] Yagenjeje atyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo; muri vyo harimwo bimwebimwe bigoye itahura, ivyo abantu ataco bazi badakomeye bakavyihindurira ukwabo, nk'uko bagira ivyanditswe bindi, bakihamagarira guhona.

[17] None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n'ubuzimire bw'abatirinda, mugata ugukomera kwanyu.

[18] Ariko mukurire mu buntu bwa Yesu Kristo Umwami wacu n'Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amina.

Petero Ya Kabiri — Chapters