Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:55

[1] Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n'Imana. Kandi umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n'uwavyawe na we.

[2] Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b' Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo.

[3] Kuko ugukunda Imana ari uku, ni uko twitondera ivyagezwe vyayo; kandi ivyagezwe vyayo ntibigora.

[4] Kuko icavyawe n'Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, ni ukwizera kwacu.

[5] Ni nde atsinda isi, atari uwizera yuko Yesu ari Umwana w'Imana?

[6] Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso; si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.

[7] Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ari ukuri.

[8] Kuko ibishingantahe ari bitatu, Mpwemu, amazi n'amaraso; kandi ivyo bitatu bihuriza hamwe.

[9] Ko twemera intahe ishinzwe n'abantu, intahe y'Imana yo ni agaheta; kuko intahe y'Imana ari iyi, ari uko yashingiye intahe ivyo Umwana wayo.

[10] Uwizera Umwana w' Imana ni we afise iyo ntahe muri we; uwutizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.

[11] Kandi iyo ntahe ni iyi: ni uko Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo ko buri mu Mwana wayo.

[12] Uwufise Umwana wayo ni we afise ubwo bugingo; uwudafise Umwana w' Imana ntafise ubwo bugingo.

[13] Ivyo ndabibandikiye, mwebwe mwizeye izina ry'Umwana w' Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira.

[14] Kandi ubu ni bwo bushizi bw'ubwoba dufise kuri yo, ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n'ivyo igomba, itwumva.

[15] Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye.

[16] Umuntu ni yabona umuvukanyi wundi akora icaha kitari ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitari ivyo kubicisha. Hari icaha co kwicisha; ico si co mvuze ko asengera.

[17] Kugabitanya kwose ni icaha, kandi hari icaha kitari ico kwicisha.

[18] Turazi yuko umuntu wese avyawe n'Imana adakora ivyaha, ariko umwe yavyarwa n'Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.

[19] Turazi yuko turi abo Imana, kandi isi yose iri muri wa Mubi.

[20] Kandi tuzi yuko Umwana w'Imana yaje, akaduha ubwenge ngo tumenye Iyo ukuri, kandi turi mu Y'ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n'ubugingo budashira.

[21] Bana bato, mwirinde ibigirwamana.

Yohana Rya Mbere — Chapters