Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:21

[1] Bana banje bato, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi,

[2] kandi uwo ni we ndishi y'ivyaha vyacu, mugabo si iyo ivyacu twenyene, ariko ni iyo ivyo abari mw'isi bose.

[3] Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.

[4] Uwuvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, ni umubeshi, ukuri ntikuri muri we.

[5] Ariko uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhinguwe muri we vy'ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we;

[6] uwuvuga ko ahora muri we, akwiye na we kugenda nk'uko uwo yagenda.

[7] Abo nkunda, si icagezwe gishasha ndabandikiye, ariko ni icagezwe ca kera, mwamanye uhereye mu bihe vya kera. Ico cagezwe ca kera ni co rya jambo mwumvise.

[8] Kandi ndabandikira icagezwe gishasha, kandi ico n'ico ukuri muri we no muri mwebwe. Kuko umwiza uriko urashira, umuco w'ukuri umaze kwaka.

[9] Uwuvuga ko ari mu muco, akanka umuvukanyi wundi, aba akiri mu mwiza gushika n'ubu.

[10] Uwukunda umuvukanyi wundi aguma mu muco, nta gitsitaza kiri muri we.

[11] Ariko uwanka umuvukanyi wundi ari mu mwiza, kandi agendera mu mwiza, ntazi iyo aja, kuko umwiza wamuhumishije amaso.

[12] Ndabandikiye bana bato, kuko mwahariwe ivyaha vyanyu kubwo izina ryiwe.

[13] Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwamyeho mu ntango. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.

[14] Narabandikiye ba se, kuko muzi uwamyeho mu ntango. Narabandikiye misore, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry'Imana rikaguma muri mwebwe, kandi mwanesheje wa Mubi.

[15] Ntimugakunde isi, canke ibiri mw'isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we.

[16] Kuko ikiri mw'isi cose ari ivyifuzo vy'umubiri, ivyifuzo vy'amaso n'ubwibone bw'ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw'isi.

[17] Kandi isi iriko irashirana n'ivyifuzo vyayo, ariko uwukora ivyo Imana igomba yamaho ibihe bidashira.

[18] Bana bato, ubu ni igihe c'iherezo; kandi nk'uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n'ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi. Ni co gitumye tumenya ko ari igihe c'iherezo.

[19] Bavuye muri twebwe, ariko ntibari abacu. Iyo baba bari abacu, baba baragumanye natwe; ariko icatumye batuvamwo kwari ukugira ngo bahinyuke bose ko atari abacu.

[20] Namwe mwarobanujwe amavuta n'Uwera, kandi muzi vyose.

[21] Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko ni uko mukuzi, kandi kuko ata binyoma biva mu kuri.

[22] Umubeshi ni nde, atari uwuhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n'Umwana.

[23] Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise. Uwemera Umwana afise na Data wa twese.

[24] Mweho ico mwumvise uhereye ku va mu ntango kigume muri mwebwe. Ico mwumvise uhereye mu bihe vya kera ni caguma muri mwebwe, namwe muzoguma mu Mwana no muri Se.

[25] Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n'ubugingo budashira.

[26] Ivyo ni vyo ndabandikiye ku vy' abobazimiza.

[27] Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebwe, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk'uko ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kandi ari uko ukuri, atari ibinyoma, kandi nk'uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.

[28] Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuzoshire ubwoba, ntidutetererwe imbere yiwe aho azozira.

[29] Ko muzi yuko uwo ari umugororotsi, murazi yuko uwukora ivyo ukugororoka wese yavyawe na we.

Yohana Rya Mbere — Chapters