Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:04

[1] Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana. Kuko abigira abavugishwa n' Imana benshi badutse mw'isi.

[2] Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w'Imana, impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana,

[3] kandi impwemu yose itatura Yesu ityo ntiba yavuye ku Mana; kandi iyo mpwemu iba ari iya Antikristo, iyo mwumvise ko izoza, kandi n'ubu iramaze gushika mw'isi.

[4] Mweho muri abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje; kuko Uwuri muri mwebwe aruta uwuri mu b'isi.

[5] Abo ni abava mw'isi, ni co gituma bavuga ivyo isi, abo isi bakabumvira.

[6] Tweho turi abava ku Mana; uwuzi Imana aratwumvira; uwutava ku Mana ntatwumvira. Ico ni co kitumenyesha impwemu y'ukuri n'impwemu izimiza.

[7] Abo nkunda, dukundane; kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n' Imana, kandi azi Imana.

[8] Uwudakundana, ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo.

[9] Iki ni co caseruye urukundo rw'Imana muri twebwe, ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w'ikinege mw'isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we.

[10] Iki ni co kirimwo urukundo, si uko twebwe twakunze Imana, ariko n'uko ari yo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba indishi y'ivyaha vyacu.

[11] Abo nkunda, ko Imana yadukunze ityo, natwe dukwiye gukundana.

[12] Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebwe, no kuyikunda kuba guhinguwe muri twebwe.

[13] Iki ni co kitumenyesha yuko tuguma muri yo, na yo ikaguma muri twebwe, ni uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo.

[14] Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w'isi yose.

[15] Uwatura yuko Yesu ari Umwana w'Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana.

[16] Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana ni urukundo; kandi uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.

[17] Ico ni co kimaze guhingura urukundo muri twebwe, kugira ngo tuzoshire ubwoba ku musi w'imanza, kuko uko ari, ari ko turi muri iyi si.

[18] Nta bwoba buba mu rukundo, ariko urukundo ruhinguwe rwirukana ubwoba, kuko ubwoba bugendana n'igihano, kandi uwufise ubwoba ntarahingurirwa mu rukundo.

[19] Twebwe tugira urukundo, kuko ari yo yabanje kudukunda.

[20] Umuntu ni yavuga ati: Ndakunda Imana, akanka umuvukanyi wundi, aba ari umubeshi, kuko uwudakunda umuvukanyi yabonye ntashobora gukunda Imana atabonye.

[21] Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ngo Uwukunda Imana akunde n'uwundi muvukanyi.

Yohana Rya Mbere — Chapters