[1] Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b'Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab'isi batatuzi, kuko batayimenye.
[2] Abo nkunda, none turi abana b'Imana, ariko uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n'uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomuraba uko ari.
[3] Kandi umuntu wese amuzigako ivyo, ariyeza, nk'uko uwo ari uwera.
[4] Umuntu wese akora icaha akora ivyo ubugarariji; kandi icaha ni co mugararizo.
[5] Kandi murazi yuko uwo yahishuwe kugira ngo akureho ivyaha, kandi ata caha kiri muri we.
[6] Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; uwukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.
[7] Bana bato, ntihakagire uwubazimiza. Uwukora ibigororotse ni we agororoka, nk'uko uwo agororoka.
[8] Uwukora ivyaha ni uwa wa mugarariji, kuko uhereye mu ntango uwo mugarariji yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w'Imana ahishurwa ngiki; ni ukugira ngo asangangure ibikorwa vy'umwansi.
[9] Umuntu wese yavyawe n'Imana ntakora ivyaha, kuko imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n'Imana.
[10] Iki ni co kimenyekanisha abana b'Imana n'abana b'Umugarariji: uwudakora ibigororotse wese si uwo Imana, canke uwudakunda umuvukanyi wundi.
[11] Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise uhereye mu bihe vya kera, ngo dukundane;
[12] ntiduse na Kayini, yari uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kandi icatumye amwica ni igiki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.
[13] Bavukanyi, ntimutangazwe n'uko abo isi babanka.
[14] Twebwe turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda abavukanyi bacu. Uwudakundana yama mu rupfu.
[15] Uwanka umuvukanyi wundi ni umwicanyi; kandi murazi yuko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we.
[16] Iki ni co kitumenyesha urukundo, ni uko uwo yatanze ubugingo bwiwe kubwacu. Natwe dukwiye gutanga ubugingo bwacu kubwa abavukanyi bacu.
[17] Ariko uwufise ibintu vyo mw'isi, akabona umuvukanyi wundi akenye, akazitira imbabazi ziwe kuri uwo, mbega ugukunda Imana kwoguma muri we gute?
[18] Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.
[19] Ico ni co kizotumenyesha ko turi abo ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo,
[20] mu vyo imitima yacu idutsindisha vyose, kuko Imana iruta imitima yacu, kandi izi vyose.
[21] Abo nkunda, imitima yacu iyo itadutsindishije, turashira ubwoba imbere y'Imana;
[22] kandi ico dusaba cose tugihabwa na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.
[23] Kandi icagezwe cayo ngiki: ni uko twizera izina ry'Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk'uko yatubariye.
[24] Kandi uwitondera ivyagezwe vyayo aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitumenyesha yuko iguma muri twebwe, ni Mpwemu yaduhaye.