[1] Ubibutse kugamburukira abakuru n'abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose,
[2] no kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza no kwengenga, berekana ubugwaneza bwose ku bantu bose.
[3] Kuko natwe nyene kera twari ibipfu, turi intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n'ukwinezereza vy'uburyo bwinshi, twama tugira urwanko n'igono, turi abo kwankwa natwe twankana.
[4] Ariko ineza y'Imana Umukiza wacu n'urukundo ikunda abantu, bimaze kuboneka,
[5] iradukiza, itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, ikurikije ubwinshi bw'imbabazi zayo, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubwa kabiri, ikadukirisha uguhindurwa basha na Mpwemu Yera,
[6] uwo yaducuncuburiyeko kubwa Yesu Kristo Umukiza wacu,
[7] kugira ngo tugirwe intungane n'ubuntu bwayo, duce tuba abaragwa b'ubugingo budashira, nk'uko tuvyizigiye.
[8] Iryo jambo ni iryo kwizerwa, ndagomba yuko utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngo abizeye Imana bagire umwete wo gushishikara gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.
[9] Ariko, impari z'ubupfu no kudondora ivyo amamuko yabo n'imitongano no guharira ivyo mu vyagezwe, wame ubizibukira, kuko bitagira ikimazi kandi ari ivyo ubusa.
[10] Uwuzana ibice ni wamara kumuhanura ubwa mbere n'ubwa kabiri akanka, ntukamwemere,
[11] kuko uzi yuko uwumeze atyo agoramye kandi akora ivyaha, yitsindisha.
[12] Ni nagutumako Arutema canke Tukiko, uzogire umwete wo kunsanga i Nikopoli; kuko ari ho nagabiye kuzomara agatasi.
[13] Witwaririke guherekeza no gusezera neza Zena umuhinga w'ivyagezwe, na Apolo, kugira ngo ntihazogire ico babura.
[14] Kandi abacu na bo ni bige gushishikara gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngo abacu ntibabure ico bamarira abandi.
[15] Abo turi kumwe bose baragutasha. Untahirize abadukunda dusangiye ukwizera. Ubuntu bubane namwe mwese.