[1] Ariko weho uvuge ibihwanye na kwa kwigisha kuzima.
[2] Bwira abatama ntibarenze urugero, babe inyankamugayo, badasaragurika, bagire kwizera kuzima no mu rukundo no mu kwihangana.
[3] N'abatamakazi nyene, ubabwire bagende nk'uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima n'umuvinyu mwinshi, bigisha ivyiza,
[4] kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubwenge bwo gukunda abagabo babo n'abana babo,
[5] no kudasaragurika, no kwirinda ubweruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngo ijambo ry'Imana ntiritukwe.
[6] N'imisore ni uko ubahanure ntibasaragurike;
[7] nawe ubwawe wiyerekane muri vyose nk'ikigereranyo c'ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,
[8] ugire n'ijambo rizima ritogawa, kugira ngo umuntu ari mu ruhande rw' abansi amaramare, abuze ikibi yotuvuga.
[9] Hanura abakozi bagororokere ba shebuja, babahimbare muri vyose, ata guharira,
[10] badakorakora, ariko berekane ukuyoboka kwiza kwose, kugira ngo muri vyose basharize ivyigishwa vy'Imana, Umukiza wacu.
[11] Kuko ubuntu bw'Imana bwaserutse, buzanira abantu bose agakiza,
[12] butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n'ukwifuza ivyo isi, bukatwigisha kwama tudasaragurika, tugororoka, twubaha Imana, muri kino gihe,
[13] twitega ivyizigiro vy'amahirwe no kuzoseruka kw'ubwiza bwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n'Umukiza,
[14] yatwiguze kugira ngo aducungure, adukureko ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubwoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry'ibikorwa vyiza.
[15] Wame uvuga ivyo, ubahanura, ubahana, nk'uwufise ububasha rwose. Ntihakagire uwugukengera.