Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:08

[1] Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy'ukuri.

[2] Mukundwa, ndagusengera ngo umererwe neza muri vyose, uhore uhangamye, nk'uko ubugingo bwawe bumerewe neza.

[3] Kuko nanezerewe cane hamwe abavukanyi baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuko ugendera mu kuri.

[4] Nta wundi munezero mfise uruta uwu, kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.

[5] Mukundwa, wama uyoboka mu vyo ukorera abavukanyi vyose, kandi ari abanyamahanga;

[6] na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y'ishengero. Kandi uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab' Imana.

[7] Kuko bavuye i wabo kubwo Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga.

[8] Nuko twebwe dukwiye kwakira neza abameze batyo, kugira ngo dufatanye n'ukuri gukora igikorwa.

[9] Hari ico nandikiye ishengero, ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera.

[10] Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivyo akora, atuvuga amajambo mabi y'ubupfu, kandi ntagarukiza kuri ivyo gusa, ariko ubwiwe ntiyakira abavukanyi, n'ababigomba arababuza, akabaca mw'ishengero.

[11] Mukundwa, ntukigane ikibi, ariko wigane iciza. Uwukora ivyiza ni we w'Imana; uwukora ibibi ntiyabonye Imana.

[12] Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n'ukuri ubwakwo kurayimushingira, natwe nyene turayimushingira. Nawe urazi ko ivyo dushingira intahe ari ivyo ukuri.

[13] Nari mfise vyinshi vyo kukwandikira, mugabo singomba kukwandikishiriza ubwino n'ikaramu;

[14] ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.

[15] Amahoro abane nawe. Abakunzi barakuganutsa. Untahirize abakunzi, uko amazina yabo angana.