[1] Turabinginga, bavukanyi, kubwo kuzoza kw'Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu,
[2] ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n'impwemu canke n'ijambo canke n'ikete rimeze nk'irivuye kuri twebwe, rivuga yuko umusi w'Umwami wacu uhejeje gushika.
[3] Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuko utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w'umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,
[4] umurwanizi yishira hejuru y'icitwa Imana cose canke igisengwa; nuko azokwicara mu rusengero rw' Imana, yiyerekana ngo ni Imana.
[5] Ntimwibuka yuko nababwiye ivyo nkiri kumwe namwe?
[6] Kandi none murazi ikibuza, kugira ngo azohishurwe mu gihe ciwe.
[7] Kuko ibanga ry'umugararizo n'ubu ririko rirakora, mugabo hari uwubibuza ubu, gushitsa igihe azokurirwaho.
[8] Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutituza uguseruka kw'ukuza kwiwe.
[9] Ukuza kw'uwo mugarariji kuri mu buryo bw'inkomezi za Satani, kuri n'ubushobozi bwose n'ibimenyetso n'ibitangaza vy'ibinyoma,
[10] n'ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivyo ukuri ngo bakizwe.
[11] Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma:
[12] kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, batsindwe n'urubanza.
[13] Ariko bavukanyi bakundwa n'Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuko uhereye mu bihe vya kera Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.
[14] Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bwiza twajejwe, kugira ngo muhabwe ubwiza bw'Umwami wacu Yesu Kristo.
[15] Nuko bavukanyi, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ari ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mw'ikete ryacu.
[16] Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubwiwe, n'Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n'ivyizigiro vyiza biheshwa n'ubuntu bwayo,
[17] babirure mu mitima yanyu, bayikomeze mu gikorwa cose ciza, n'ijambo ryose ryiza.