
About
Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda vyagirizanya ugusotorana hamwe n'ukutubahiriza amasezerano yasinyiwe i Washington kuwa 4 ukwa 12 uyu mwaka. Muri kino kiganiro twatumiye umumenyeshamakuru Pierre Claver Niyonkuru akorera Amjambo Afrika akaba amaze imyaka irenga 12 akorera ku bibazo vya Afrika y'ibiyaga binini , amakambi y'impunzi, akaba ari no mw'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bakora ku bibazo vy'ubutungane bw'inyuma y'intambara.