
About
Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge bari i Mulenge muri Kivu y'Ubumanuko mu buseruko bwa Kongo. Muri ako gace, Uburundi bwarungitseyo ingabo zirenga 10.000 kuja gufashanya n'igisirikare ca Kongo, FARDC, hamwe n'imirwi y'inyeshamba ishigikiwe na Reta- mu rugamba rwo kurwanya umuhari wa M23 umaze kwigarurira imirwa mikuru ya Goma muri Kivu y-Uburaruko na Bukavu muri Kivu y-Ubumanuko hamwe n'utundi duce tutari duke twimbukamwo inzahabu nyinshi. Kinshasa yagiriza Kigali gufasha abaroberi ba M23, ariko Kigali ivuga ko ari ibinyoma vyambaye ubusa ahubwo yashizeho ingamba zo kwikingira ibitero vy'interahamwe za FDLR zagirizwa kuba zarakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri 1994 mu Rwanda. Umuvugizi w-igisirikare c'Uburundi , Général de brigade Gaspard Baratuza aremeza ko hari uduce tumwe tumwe Abanyamulenge bankirwa kuva mu mihana yabo agasigura ko bakorana n-umwansi. Muri kino kiganiro Wiriwe Maine yakiriye Douglas Gasore Kabunda, umukuru w'umuryango " Mahoro Peace Association".